Inyuma yaho aba mbere bacaguriye ibibanza amazu y’abo azoba yubatswemwo, abakozi b’ishirahamwe BBS barishikiye kuraba ikibanza umugambi BMBCHOMES 2021 BUJUMBURA GAHAHE uzorangurirwamwo. Mu ntumbero yo kuraba uburyo buzokenerwa kugira bashobore kuhashikana interenete iciye m’ubuhinga bwa fibre optique. Rero umuyobozi mukuru wa BMBC yatumenyesheje ko baje n’ingoga kuberako abantu bakunze uwo mugambi. Rero vyabaye ngombwa ko dutangura muri kuno kwezi kwa gatandatatu, mu gihe mu ntango twari twiyumviriye ko twotangura mu mpera z’ukwezi kwa munani. Akaba kandi yavuze akabirya kari muri uwo mugambi ni uko abantu bose bazoba bameze nk’aho umenga bari kumwe kubera ubuhinga bwo Guhanahana amakuru buzoba buri muri izo nyubakwa.
Kurikirana ivedewo yerekana umuyobozi mukuru wa BMBC yariko aratanagaza k’umugaragaro uwo mugambi
Twatanguye guca amabarabara azokoreshwa mu gihe Co kwubaka n’inyuma yaho. Ariko kandi n’ ibindi bikorwa vyo kwitegura birabandanya, aha twovuga nko gutegura ibikoresho, gupanga abahinga, n’ ibindi. Ubu abashaka kugendera ico kibanza baba abaje kuraba ama parcelle bacaguye, bazoshikayo ata kibatangira kuko n’ama numero y’ama parcelle kugira bice vyoroha kumenya aho umwe wese yegukira.
Murashobora kubandanya gukurikirana ibijanye n’uwo mugambi muciye ku mbuga zitandukanye dusanzwe dukoresha mu kubashikiriza amakuru, harimwo na runo rubuga uriko urasomerako inkuru muri uyu mwanya nyene.